Amakuru
17 août 2021

Ugushaka guke kwa bamwe mu bafata ingingo mu gihugu nikwo kuri inyuma y’ihomba rya ONATEL

Ugushaka guke kwa bamwe mu bafata ingingo mu gihugu, nikwo kuri inyuma y’ihomba ry’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL. Bisigurwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM. Ku bwiwe, ngo leta yarashizeho amategeko n’abakozi bajejwe kugenzura ingene amashirahamwe ya leta akora kugira hafatwe ingingo amazi atararenga inkombe. Ariko  ngo izo nzego ntizakoze ivyo zari zijejwe  kugira ishirahamwe ONATEL rigarukirwe. Faustin Ndikumana, nawe nyene yari umutumire mu kiganiro « Ku nama » ca Télévision Isanganiro.