Amakuru
4 janvier 2023

Amafaranga abakukuruke ba ONATEL biziganyirije bazoyaronswa bivanye n’uburyo bw’iryo shirahamwe

Abakukuruke bakorera ishirahamwe ONATEL ngo bazoronswa amafaranga bitegekanirije hisunzwe uko bagiye barakukuruka n’uburyo buhari. Vyavuzwe n’umushikiranganji wo Gutumatumanako amakuru, Léocadie Ndacayisaba. Hari mu kiganiro umukuru w’Igihugu yahaye Abarundi n’abamenyeshamakuru ku munsi wa gatanu w’indwi iheze. Uwo mushikiranganji yariko yishura ku kibazo c’umukukuruke yavuga ko amafaranga yagiye arakatwa adashirwa kuri compte yo gutegekaniriza kazoza.