Amakuru
10 mai 2024

Ubutungane buzokurikirana umumenyeshamakuru ko yahungabanije umutekano w’igihugu (L. Ndacayisaba)

Umumenyeshamakuru azoguma ashobora gukurikiranwa ku caha co guhungabanya umutekano mu gihugu. Ivyo ni umucamanza azomenya uko avyitirira. Ivyo vyasiguwe n’umushikiranganji wo Kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru, akaba yariko yishura ku kibazo c’umushingamateka ku bijanye n’ukudasubira guhanisha umunyororo amakosa akozwe n’abamenyeshamakuru. Léocadie Ndacayisaba akaba yariko asigurira abashingamateka integuro nshasha y’itegeko rigenga ukumenyesha amakuru.