Ugushaka guke kwa bamwe mu bafata ingingo mu gihugu, nikwo kuri inyuma y’ihomba ry’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL. Bisigurwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM. Ku bwiwe, ngo leta yarashizeho amategeko n’abakozi bajejwe kugenzura ingene amashirahamwe ya leta akora kugira hafatwe ingingo amazi atararenga inkombe. Ariko ngo izo nzego ntizakoze ivyo zari zijejwe kugira ishirahamwe ONATEL rigarukirwe. Faustin Ndikumana, nawe nyene yari umutumire mu kiganiro « Ku nama » ca Télévision Isanganiro.
Amakuru
17 août 2021