Amakuru
8 janvier 2022

Ugusanura ibikono bibikwamwo ibitoro bizotuma haba akarusho

Ibikono vyo kubikamwo igitoro vy’i Gitega vyarasanuwe. Ngo ni mu ntumbero yo kugira igitoro gizohore gitangwa neza. Umushikiranganji w’Ubutare n’agataka yabimenyesheje kuri uyu wa kane mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ibrahim Uwizeye yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye muri uwo mwaka uheze. Uwo mushikiranganji yamenyesheje kandi ko hagiye kwubakwa ibindi bikono bishasha vyo kubikamwo igitoro mu ntara za Ngozi na Rumonge.