Amakuru
1 juin 2023

Ugupima indwara kugiye kunyaruka na cane cane mu bihe vy’ibiza

Ku munsi wa kabiri haratangujwe umugambi « Amagara yacu », bikozwe n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu. Muganga Olivier Nijimbere, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, avuga ko uwo mugambi uzofasha gupima indwara hakiri kare, na cane cane mu bihe vy’ibiza. Ukaba uzotwara amafaranga y’amanyaburaya imiliyoni zitanu atanzwe n’igisata co gufashanya c’igihugu c’Ubufaransa.