Amakuru
4 octobre 2023

Uburundi buracari mu kiza c’indwara y’ubukangwe, abavyeyi bokwitabira cane gucandagisha abana

Nta muntu mushasha aheruka gufatwa n’indwara y’ubukangwe. Ivyo bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu. Muganga Olivier Nijimbere, umunyamabanga ntayegayezwa w’ubwo bushikiranganji, yabishikirije mu nama yo kuraba uko igice ca kabiri c’isekeza ryo gucandaga abana mu kurwanya ubukangwe ryagenze. Agahamagarira abavyeyi gucandagisha abana na cane cane ko igihugu kiri mu bihe vy’ikiza.