Amakuru
15 décembre 2021

Ugukura New Star mw’ihiganwa rya Elite 16 binyuranye n’amategeko, abarongoye New Star baritwaye

Umurwi w’umupira w’amaboko basketball New Star wararenganijwe mu gufatirwa ingingo ko watsinzwe impaga. Bivugwa na Jean Paul Manirakiza, uwurongoye ishirahamwe rya basketball mu Burundi. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’ishirahamwe rya basketball ku rwego rwa Afrika mw’ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu iwabo ryitwa Elite 16 ryabereye mu gihugu ca Afrika y’epfo. Jean Paul Manirakiza yamenyesheje kandi ko bamaze kwandikira ikete FIBA bayisaba ko yokwisubirako ku ngingo yari yafashe.