Amakuru
19 mai 2024

Ishirahamwe rya basketball mu Burundi rigiye kuriha ibisabwa kugira risubire mu mahiganwa

Ishirahamwe rya basketball ryo mu Burundi (FEBABU) rigiye kuriha ihadabu ryaciriwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rya basketball (FIBA). Ivyo bihano bikaba vyafashwe inyuma y’aho umurwi w’Uburundi Dynamo wari witavye amahiganwa ya BAL muri Afrika y’epfo wanse kwambara umwambaro uriko « Visit Rwanda », ari yo yafashe mu mugongo iryo higanwa. Uwurongoye ishirahamwe FEBABU, Claver Hacimana, avuga ko bagiye gusaba abo bafashanya, bahereye ku banywanyi ba basketball, babafashe kuriha ihadabu ry’ibihumbi mirongo itanu vy’amafaranga y’amaswise. Akemeza ko bagiye kwikebuka ntibasubire kugwa mu makosa nk’ayo asubiza inyuma igisata c’inkino.