Amakuru
10 février 2023

Ugukura ibitigiri vy’ubwoko mu buzi bwa leta, vyosa no gusasira indava ikumira

Ugushaka kwa leta kwo gukuraho ibitigiri vy’ubwoko mu buzi bwa leta, cane cane Inama nshingamateka na nkenguzamateka, muri leta hamwe n’ubutungane, nta ciza na kimwe kirimwo. Ivyo bivugwa na Muganga Alphonse Rugambarara, umwe mu bashize umukono ku masezerano y’amahoro ya Arusha. Muganga Rugambarara akaba abivuze inyuma y’aho umukuru w’Inama nkenguzamateka, Emmanuel Sinzohagera, avugiye ko bariko barakora amatohoza mu banyagihugu azobafasha guhanagura ukwisunga ibitigiri vy’ubwoko mu mpera y’ikiringo cayo. Rugambarara akavuga ko mu gihe ivyo bobishikako, Uburundi buzoba buriko buregereza ku cobo, nk’ivyabaye mu gihugu c’Urwanda ku ntwaro ya Kayibanda na Habyarimana.