Amakuru
1 septembre 2021

Ubworozi bw’inkoko ni kimwe mu bitunze impunzi i Mahama

Impunzi z’Abarundi zirabandanya gukora ibikorwa bishobora kubatunga no kubateza imbere iyo bahungiye. Ni nk’uyu aba mw’ikambi y’i Mahama yorora inkoko zo mu bwoko bwa SASSO zirinda ingwara kandi zita amagi menshi. Jean Chrysostome Hatungimana afise n’umugambi wo guhimiriza Abarundi n’Abanyarwanda babana mu karere ka Kirehe ngo bijukire ubwo bwoko bw’inkoko.