Amakuru
31 mai 2024

Ubwinshi bw’abanyororo n’isuku rike birabangamiye amagara y’abanyororo mu Mpimba (ACAT-Burundi)

Ubwinshi bw’abanyororo, isuku rike rirangwa mu mabohero, ni bimwe mu bibangamiye amagara y’abanyororo mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Biri mw’itangazo ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu ACAT-Burundi ryasohoye kw’igenekerezo rya 30 Rusama. Anitha Gateretse, ajejwe gutunganya ibikorwa muri iryo shirahamwe, avuga ko isuku ryo mu bwiherero no mu bwogero mu mabohero, na cane cane ibohero rya Mpimba, rikenewe cane mu kurinda indwara zifatira kw’isuku rike kandi zandukira ningoga.