Amakuru
18 septembre 2021

Ubwinshi bw’abanyororo mu busho nibwo butuma haba ihonyangwa ry’uburenganzira bwabo

Ihonyangwa ry’uburenganzira bw’abanyororo mu bijanye n’ingingo zifatwa mu kwikingira ikiza ca Corona, mu bijanye no kuvuzwa, gupfungwa hahonyanzwe amategeko n’ubukene bw’imfungurwa mu mabohero, ivyo nivyo vyigaragaje cane mu mezi ya Mukakaro na Myandagaro mu mabohero. Bishirwa ahabona n’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Kubw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, arongoye igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, ngo iryo honyangwa riva ahanini ku bwinshi bw’abanyororo mu mabohero.