Amakuru
12 mars 2021

Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru no gushinga amashirahamwe yigenga ngo si agaseseshwa rumuri mu Burundi

Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru no gushinga amashirahamwe yigenga ngo si agaseseshwa rumuri mu Burundi. Ambassadeur Rénovat Tabu, aserukira uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yabishikirije kuri uyu wa kane igihe abahinga b’umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi bari baramutse bashikiriza icegeranyo  mu nama y’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu. Ambassadeur Rénovat Tabu akavyemeza ashingiye ku gitigiri c’ibimenyeshamakuru be n’amashirahamwe vyose vyigenga biri mu Burundi.