Amakuru
28 juillet 2022

Leta y’Uburundi yibaza ko ishirahamwe ryo muri Suisse ryashize umutahe mu bitaro Kira ritabaho

Leta y’Uburundi hamwe n’Urwego nshingwantwaro rw’ibitaro Kira birakekeranya ko Ishirahamwe Swissmed International, risanzwe rifise umutahe mu bitaro Kira ribaho. Ivyo bigaragarira mu makete yahererekanywe na Rénovat Tabu aserukira Uburundi i Genève mu bu Suisse hamwe n’umushingwamanza Dominique Liardet. Uwo na we akaba yari yasabwe n’Iperereza ry’Uburundi n’ibitaro Kira kubatohoreza nimba Swissmed International ibaho.