Amakuru
5 mai 2022

Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi buracari ikibazo, n’aho RSF ibuha ikibanza ciza

Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru burubahirijwe mu Burundi, n’ikimenyamenya, nta matati ari hagati y’abamenyeshamakuru n’abategetsi. Ivyo vyashikirijwe na Thierry Kitamoya, umwunganizi w’umushikiranganji wo Kumenyesha amakuru, hari kuri uyu wa kabiri aho hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Ku ruhande rw’abamenyeshamakuru, baremeza ko bamwe muri bo bakubagurwa mu gihe bariko bararangura akazi kabo. Kubwa Innocent Muhozi, arongoye imboneshakure Télé Renaissance ikorera mu buhungiro, abona ko ikibanza cahawe Uburundi n’ishirahamwe RSF ata ho gihuriye n’ukuri.