Amakuru
4 novembre 2023

Ubwigenge bw’Ibanki nkuru y’igihugu, ni imwe mu nzira zorwiza amafaranga y’agaciro (OLUCOME)

Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, rihamagarira Abarundi kurwiza umwimbu w’ibiterwa njabukamazi nk’ikawa, icayi n’ipampa, kugira amafaranga y’agaciro yiyongere mu gihugu. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa kane ku bijanye n’ingene ikibazo c’amafaranga y’agaciro aguma abura cotorerwa umuti, Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, asaba leta ko Ibanki nkuru y’igihugu itotwarirwa mu biro vy’umukuru w’Igihugu, ahubwo ko yokwigenga nk’uko biri mu bindi bihugu vyo kw’isi yose.