Amakuru
16 octobre 2021

Ubwicanyi bwo mu 1972, ihonyabwoko ku Bahutu kubwa FRODEBU

Ubwicanyi bwakozwe mu mwaka w’1972 ngo n’ihonyabwoko ryakorewe Abarundi bo mu bwoko bw’Abahutu, bwakozwe n’intwaro ya Michel Micombero. Uko niko umugambwe Sahwanya-FRODEBU ubibona. Mu kiganiro umukuru w’uwo mugambwe yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu i Bujumbura, Pierre Claver Nahimana asaba umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira mu bikorwa vyawo urimwo gutohoza no ku bundi bwicanyi bwakurikiye kugeza ubu, kugira hamenyekane ukuri.