Ni kuri uyu wa mbere aho Umurwi w’igihugu ujejewe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi (CVR) washikiriza icegeranyo ku bwicanyi bwakozwe mu 1972-1973 imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umurwi CVR, yamenyesheje ko uwo murwi wasanze ubwicanyi bwabaye ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu. CVR igasaba abategetsi gushiraho amategeko azohana uwo wese azoba ashaka guhakana ko iryo honyabwoko ryabaye.
Amakuru
22 décembre 2021