Amakuru
28 décembre 2023

Ubwicanyi bwahitanye abantu 20 i Vugizo, muri Mutimbuzi ni ubwo gutera ivyatsi (UPD-Zigamibanga)

Leta ya Ndayishimiye irakwiye kwikubita agashi ikemera ibiganiro n’abo bose batavuga rumwe kugira inzira yo gufata ibirwanisho ntizobe ari yo ishirwa imbere. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga, utavuga rumwe n’ubutegetsi. Abishikirije inyuma y’aho habereye intambara hagati y’umuhari RED-Tabara n’ingabo z’igihugu mu mpera y’indwi iheze. Mugwengezo yibutsa leta ko ibandanije yanka inzira y’ibiganiro izohava isanga havutse n’iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho yiyongera kuri RED-Tabara.