Ubwicanyi bwimonogoje mu Burundi buracafuza ishusho y’igihugu mu makungu. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE. Akabona ko imvugo y’abategetsi baba bavuga ko mu Burundi hari amahoro mu gihe ubwicanyi bubandanya, ishobora gutuma n’abafasha Uburundi babona ko abarongoye igihugu baha impigi ubwicanyi, gutyo bagahava bahesha kubandanya batanga imfashanyo ku Burundi.
Amakuru
25 juillet 2021