Amakuru
29 février 2024

Ubuzima bw’abanyororo babiri bajanywe ahataramenyekana butegerezwa gukingirwa (ACAT-Burundi)

Saturne na Egide, abanyororo babiri bari bapfungiwe mu Mpimba basohowe uno munsi mu gitondo, bakaba bajanywe ahantu hataramenyekana. Abo bantu babiri bari abarwanyi b’umuhari RED-Tabara, bakaba bari ma barwanyi 18 bafatiwe mu Rwanda, hanyuma bahabwa leta y’Uburundi, hakaba haheze imyaka irenga ibiri ivyo bibaye. Ishirahamwe ACAT-Burundi riratewe impungenge n’iryo sohorwa ry’abo banyororo. Me Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, akaba asaba ko batogirirwa nabi, hari ivyo babazwa bigakorwa mu muco.