Amasendika y’abakozi arakeza ko itegeko rishasha rigenga abakozi n’akazi ryashizwemwo n’abakora ubuzi butazwi n’amategeko bita secteur informel. Ayo masendika akavuga ko abo batazwi n’amategeko na bo bazohabonera akoyoko, nko gushobora kuvuzwa. Vyashikirijwe ku munsi wa gatanu uheze, aho urunani rw’ayo masendika rwari rwakoranye. Célestin Nsavyimana, arongoye urwo runani, akavuga ko bahuye n’intambamyi nyinshi kugira bagere kuri iyo ntambwe.
Amakuru
3 octobre 2023