Amakuru
11 mars 2021

Ubutwari bw’abakenyezi mu Burundi bwarasubiye inyuma kuva mu mwaka w’2015 kuko abari ku butegetsi muri kino gihe bakorera umugambwe, aho kurondera guteza imbere abandi bakenyezi

Ubutwari bw’abakenyezi mu Burundi bwarasubiye inyuma kuva mu mwaka w’2015, ngo kuko abakenyezi bari ku butegetsi muri kino gihe bakorera umugambwe, aho kurondera guteza imbere abandi bakenyezi. Bivugwa na Immaculée Hunja, arongoye umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Immaculee Hunja, ahamagarira abakenyezi bose gufatana mu nda, agasaba na Leta y’Uburundi ko yohagarika ikumirwa ry’abakenyezi.