Amakuru
1 mars 2024

Ubutungane bw’Uburundi bwuguruye dosiye 2 ku muhari RED-Tabara (L. Manirakiza)

Umushikirizamanza kizigenda wa Republika y’Uburundi yaraye amenyesheje ku wa kane igenekerezo rya 29 Ruhuhuma ko huguruwe dosiye z’ivyaha zibiri ku muhari RED-Tabara. Uwo muhari wagirizwa kugira no kwemanga ibitero wakoze ku magenekerzo ya 23 Kigarama 2023 muri zone ya Gatumba ku mutumba wa Vugizo no muri zone ya Buringa muri komine ya Gihanga intara ya Bubanza kw’igenekerzo rya 25 Ruhuhuma 2024. Ivyo bitero bikaba vyarahitanye abantu harimwo abasirikare n’abapolisi. Léonard Manirakiza yamenyesheje ko ubutungane bw’Uburundi bwiyemeje gukwirikirana uwo muhari avuga ko ari uw’iterabwoba.