Amakuru
27 avril 2023

Ubutegetsi ntibuhengeshanya guhakana amabi akorerwa mu Burundi kubera bwo

Muri ico gihe cose hariko hakorwa amabi y’agahomerabunwa, ubutegetsi ntibwahengeshanya guhakana ibiriko birakorwa izuba riva. Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza n’abiwe bagera n’aho banka ingingo z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, nk’umurwi w’amatohoza ugizwe n’abahinga. Uwamusubiriye, Evariste Ndayishimiye, na we yashitse yigenza uko nyene. Akaba ahubwo we yanavugiye mu bimenyeshamakuru bikomeye vyo hanze ko abavuga ayo mabi ari abansi b’igihugu, ata kindi barota atari ugucafuza izina ry’Uburundi.