Amakuru
15 février 2022

Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bugiye kwitaho ikibazo c’ibura ry’ibikoresho

Ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi bifise ingorane yo kutagira ibikoresho kugira bishobore kurangura akazi nk’uko bikwiye. Ivyo vyemezwa n’umushikiranganji wo Kumenyesha amakuru, hari igihe Uburundi bwahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe iradiyo, hari mu mpera z’indwi iheze. Léocadie Ndacayisaba akaba yemera ko ataco atazokora kugira ico kibazo gitorerwe inyishu biciye mu basanzwe bafashanya n’Uburundi.