Abigisha bahurikiye mu mashure yigenga ngo ntibashobora kwizerwa ngo bashirwe mu gitigiri c’abatora ibibazo vya leta canke ngo babikosore. Bivugwa n’umushikiranganji w’Indero, François Havyarimana, aho yari aramutse yishura ku bibazo vy’abanyagihugu bo mu ntara ya Muramvya. Uwo mushikiranganji agasigura ko uwo mwigisha atoshobora kumwihanira mu gihe akosheje, adaciye ku bamutwara.
Amakuru
31 janvier 2023