Amakuru
23 août 2024

Amazu ya Kaminuza y’Uburundi yononekaye agiye gusubirwamo (F. Havyarimana)

Ikigo ca campus Kiriri ca Kaminuza y’Uburundi kigiye gusanurwa na leta y’Uburundi ifashijwe n’abapatiri b’aba jésuites. Vyavuzwe n’umushikiranganji w’Indero, Pr François Havyarimana, igihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka ku wa gatatu uheze igenekerezo rya 21 Myandagaro. Yarasubiye kandi amenyesha ko n’ibigo vya kaminuza nderabigisha ENS biriko birasubirwamwo.