Amakuru
9 janvier 2024

Ubushikiranganji bw’Amasoko ntanganguvu bwatunganije busha itangwa ry’igitoro mu Burundi

Mu Burundi ngo harategekanijwe ibituro vy’igitoro vyagenewe amataxi ukwayo, amabisi ukwayo, n’ibimodoka binini vyo mu bwoko bw’amakamyo ukwavyo. Bimenyeshwa na Ibrahim Uwizeye, umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu. Hari kuri munsi wa gatanu w’indwi iheze mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Imvo z’ivyo bituro ngo ni uko hagiye haribonekeza amataxi yagize urundandaza rwo kugurisha ibitoro.