Amakuru
16 février 2023

Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu burahimiriza abantu kwipimisha indwara ya cancer

Indwara ya cancer ni indwara ivurwa mu gihe yamenyekanye kare. Ni ivyavuye mw’ihimiriza ryo kwipimisha indwara ya cancer ryakozwe kuri uyu wa kabiri itariki 14 Ruhuhuma n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu. Muganga Jean de Dieu Havyarimana, yagirishije ikiganiro, yahamagariye abanyagihugu kuyipimisha kare kuko iyo ishitse kure idaheza ngo ikire. Hari mu gihe isi yahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya cancer.