Amakuru
4 octobre 2022

Indwara ya cancer ni mbi kuko umuntu arayirwara akabimenya yasinzikaye

Indwara ya cancer yo mw’ibere irabangamiye amagara y’abakenyezi. Bivugwa na muganga Jean de Dieu Havyarimana, arongoye igisata co kurwanya indwara zidakira mu bushikiranganji bw’Amagara y’abantu. Abivuze mu gihe kuno kwezi kwa Gitugutu kwahariwe kurwanya indwara ya cancer yo mw’ibere. Akavuga ko kwinonora imitsi biri mu vyofasha kurwanya iyo ndwara.