Amakuru
28 avril 2022

Ubushikiranganji bw’Abakozi n’akazi buriyemeza gukorana na Zimbabwe

Hagiye kuba ugufashanya mu gisata c’abakozi n’akazi hagati y’ibihugu vy’Uburundi na Zimbabwe. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Abakozi n’akazi Thaddée Ndikumana. Hari kuri uyu wa kabiri igihe uwo mushikiranganji yari aramutse aha umubonano uwuserukira igihugu ca Zimbabwe mu Burundi. Thaddée Ndikumana akaba yamenyesheje kandi ko bazohinyanyura igisata c’abakozi n’akazi mu ntumbero yo kurwiza umwimbu.