Amakuru
20 janvier 2022

Ubushikiranganji bw’Abakozi n’akazi buri mu nzira yo gutorera inyishu ikibazo c’imishahara

Kuringaniza imishahara y’abakozi ba leta ngo niyo politike igiye gushirwa mu ngiro na leta y’Uburundi. Bishikirizwa na Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’Ibikorwa vya leta n’ubuzi. Thaddée Ndikumana avuga ko iyo politike yigiwe mu nama nshikiranganji. Akongera akavuga ko ico kibazo kizononosorwa vuba mu bushikiranganji arongoye. Agasaba abakozi bose ko bobandanya gukora neza.