Amakuru
28 octobre 2023

Uburundi kuba mu nama ya ONU y’agateka ka zina muntu, si ko kukubahiriza (Me Janvier Bigirimana)

Itorwa ry’Uburundi mu nama ya ONU iraba ibijanye n’agateka ka zina muntu ngo ntirisigura y’uko mu gihugu harangwa iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, akaba ari mu baharanira agateka ka zina muntu. Ku bwiwe, ngo hamwe leta y’Uburundi yoba yiyumvira uko, yoba yihenze cane kuko mu gihugu hakirangwa amabi atandukanye ahonyanga agateka ka zina muntu. Yamara Janvier Bigirimana, abona ko ari akaryo keza k’Uburundi ko kwisubirako bukubahiriza agateka ka zina muntu bukanakorana n’intumwa idasanzwe ya ONU ikurikirana ibijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi. Umushingwamanza Janvier Bigirimana akaba yabivugiye mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » gitegurwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA na Télé Renaissance.