Amakuru
15 janvier 2024

Uburundi bwugaye imipaka kugira bwerekane ko ingorane z’Abarundi ari Urwanda (UPD-Zigamibanga)

Ingingo yo kwugara imipaka ihuza Uburundi n’Urwanda yafashwe na leta y’Uburundi nta co ije gufasha abanyagihugu. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Mugwengezo abona ko umukuru w’Igihugu c’Uburundi kubera yugarijwe n’ibibazo adashobora gutorera umuti ariko agomba kurondera kwagiriza Urwanda kugira aronke ico asigurira abanyagihugu.