Ku munsi w’ejo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaratunganije amatora ku ngingo ijanye n’ibitero Uburusiya bumaze iminsi bugira kuri Ukraine. Ibihugu 141 bikaba vyarashigikiye iyo ngingo, 5 bitora oya, ibindi 35 bitora ko ataho bihagaze. Muri ivyo vya nyuma, hakaba harimwo Uburundi. None ni iyihe nsiguro umuntu yoha ko Uburundi buvuga ko ataho buhagaze kuri ivyo bitero ? Kubw’umwigisha Gérard Birantamije, umuhinga mu vya politike, ngo ni ugusubiriza mu nkoko igihugu c’Uburusiya, kubera ico gihugu cagumye inyuma leta y’Uburundi igihe ibindi bihugu vyari vyayifatiye ibihano kubera amabi adasanzwe yaranga ubwo butegetsi.
Amakuru
4 mars 2022