Amakuru
8 mars 2022

Uburundi bwanse kwugurura imipaka busangiye n’Urwanda mu gihe Urwanda rwuguruye iyarwo uno wa mbere

Urwanda rwuguruye kuri uno wa mbere imipaka yarwo rusangiye n’Uburundi be n’Ubuganda. Mu Buganda ingendo zaciye zitangura ukuri kwamye. Ariko rero leta y’Uburundi yo, yahisemwo gutenyenya kwugurura imipaka busangiye n’Urwanda. Umushikiranganji ajejwe Imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, Albert Shingiro, avuga ko Uburundi hataragera ko bwugurura. Avuga ko iyo ngingo izovana n’ibiganiro biriko biraba hagati y’ivyo bihugu kugira bisubire kugira imigenderanire.