Amakuru
9 novembre 2022

Uburundi bwakiriye inkingo zigera ku bihumbi 125 zo gukinga inyonko yo mu kiyaya ca Rift

Leta y’Uburundi yarakiriye inkingo zigera ku bihumbi 125 vyo gukinga inyonko yo mu kiyaya ca Rift. Izo zije ziyongera ku zindi zigera ku bihumbi 264 zari zimaze gushika kuva iyo ndwara iteye. Ku bwa Martin Niteretse, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, leta y’Uburundi iriteze n’izindi nkingo zigera ku bihumbi 306.