Amakuru
15 mars 2024

Uburundi butegerezwa kwemera ko bwakoze amakosa mu kwanka ko Dynamo ikina BAL (T. Harerimana)

Dynamo yarahonyanze amategeko mu kwanka gukina mw’ihiganwa Basketball Africa League muri Afrika y’epfo. Uwo ni umwihwezo wa Tharcisse Harerimana, umumenyeshamakuru yigenga akaba n’umuhinga mu vy’inkino mpuzamakungu olympiques. Avuga ko Uburundi bwashize igikumu ku mategeko mpuzamakungu kugira bushobore kuja mu nkino mpuzamakungu. Ni ukuvuga ko amategeko yahonyanzwe hose. Agahanura Uburundi kwemera ivyabushikiye, kubera atari igihugu ca mbere gihanywe bivuye ku makosa buhowe.