Amakuru
22 juillet 2022

Uburundi busabwa kwubahiriza ivyo bwemeye mu bijanye n’agateka ka zina muntu

Igihugu c’Uburundi kirakwiye gukorana n’intumwa za ONU zijejwe igisata c’agateka ka zina muntu nk’uko vyari bimeze imbere y’umwaka w’2015 aho kuguma kivuga ko kitabakeneye. Biri mu rwandiko nimero 48 rwasohowe n’ishirahamwe SOS-Torture Burundi kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro uno mwaka. Ku bwa Aimé Kwizera, ajejwe gutunganya imigambi no kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, Uburundi bukwiye guhindura ingendo, bugakurikiza amategeko bwo nyene bwateyeko igikumu, kugira ngo bwisubize umutamana mu makungu.