Amakuru
20 août 2022

Uburundi bukwiye gutabariza abanyagihugu babwo bishwe n’inzara

Igenekerezo rya 19 Myandagaro ni umunsi mpuzamakungu wahariwe gufasha imbabare. Uwo munsi ugeze mu Burundi hari imbabare nyinshi kubera inzara iri mu gihugu. Bivugwa n’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Uwo muhari ugahanura leta gutabariza abababaye kurusha abandi. Bagatanga akarorero ku banyororo aho hari abasigaye bamara iminsi 3 batariye.