Amakuru
14 mars 2023

Uburundi bugiye kurongora ishirahamwe COMIFAC, kazoba akaryo ko guteza imbere igisata c’ingenzi

Uburundi buzoronka akarusho mu gihe ari bwo bugiye gutwara ishirahamwe COMIFAC ryitaho amashamba yo mu karere ka Afrika yo hagati. Bivugwa n’umuyobozi mukuru ajejwe ibidukikije. Hari mu nama yabaye ku musi wa mbere i Bujumbura, inama yari yitabwe n’abaserukira ivyo bihugu bisangiye ishirahamwe COMIFAC. Berchmans Hatungimana akaba kandi amenyesha ko Uburundi ahanini buzokwungukira mu gisata c’ingenzi, mu gihe amanama menshi y’iryo shirahamwe azobera mu Burundi mu kiringo ari bwo buzoba burirongoye.