Amakuru
14 avril 2023

Gukoresha ubumara bwa Mercure bikwiye guhagarara kuko bibangamira amagara y’abantu

Ubumara bwa Mercure burabangamiye amagara y’abantu n’ibidukikije mu Burundi. Bivugwa na Berchmans Hatungimana, arongoye ikigo OBPE kijejwe gukingira ibidukikije. Hari mu nama yagirishije kuri uyu wa gatatu abarongoye ibisata vya leta bitandukanye kugira barabire hamwe ukuntu ubumara bwa Mercure bwokoreshwa mu Burundi. Uwurongoye OBPE asaba abacukura ubutare n’abahoma amenyo kureka gukoresha Mercure.