Amakuru
8 avril 2023

Ubumwe bw’Abanyarwanda tuzokwama tubugendera, abahakana ihonyabwoko na bo tuzobarwanya

Kuri uyu wa 7 Ndamukiza, ni ho hatangura kwibuka ubugira incuro ya 29 inyuma y’ihonyabwoko ry’Abatutsi mu Rwanda ryabaye mu 1994. Mw’ijambo yashikirije, Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’Urwanda, yavuze ko Abanyarwanda batazosubira kwihanganira uwo wese ashaka kubateranya, co kimwe n’ababandanya bahakana ko iryo honyabwoko ryabaye.