Amakuru
23 juin 2021

Ubumwe bwa Buraya bwaratanguje isekeza mu ntumbero yo gukura ibihano bwafatiye Uburundi mu bijanye n’imfashanyo bwahora buha Uburundi

Ubumwe bwa Buraya ngo bwaratanguje isekeza mu ntumbero yo gukura ibihano bwafatiye Uburundi mu bijanye n’imfashanyo bwahora buha Uburundi. Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere na Claude Bochu aserukira ubumwe bwa Buraya mu Burundi, inyuma y’umubonano yahawe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Claude Bochu akamenyesha ko ivyo vyose vyashitsweko kubera utwigoro twakozwe na leta mu bisata bimwe bimwe.