Amakuru
19 juillet 2023

Ubukene bw’Igitoro mu Burundi bumaze iminsi bwatewe n’abantu badakunda igihugu

Ubukene bw’igitoro bugiye guhera mu Burundi. Bivugwa na Léonidas Sindayigaya, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubutare n’agataka. Abishikirije inyuma y’iminsi itari mike hibonekeza ubukene bw’igitoro mu gihugu. Yamenyesheje kandi ko igitoro kingana amalitiro imiliyoni 4 gishobora gukora iminsi indwi kiri mu nzira cinjira mu Burundi. Akaba yabivugiye kuri Télévision Isanganiro.