Amakuru
10 juillet 2024

Ubukene bw’igitoro bwatewe n’ubwinshi bw’imodoka (I. Uwizeye)

Ikena ry’igitoro ryibonekeza mu Burundi kuva mu mwaka w’2020 rifitaniye isano n’irwirirana ry’imodoka mu gihugu, n’ibindi vyose bikoresha igitoro. Insiguro yatanzwe na Ibrahim Uwizeye, umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu, hari mu kiganiro abashikiranganji bagize leta baheruka gutanga mu ntara ya Makamba. Ku bwiwe, abakoresha igitoro babaye benshi mu gihe ibishorwa hanze vyo bitigeze biba vyinshi. Ivyo ngo vyatumye habandanya ubukene bw’amafaranga y’agaciro haca habura amaaranga yo kurangura igitoro hanze.