Amakuru
1 février 2023

Ubudandaji hagati y’Uburundi na Tanzaniya burageramiwe n’abasuma

Abarundi baja kwisumamwo mu bindi bihugu nka Tanzaniya bakwiye kugenda bitwaje inomero z’uwuserukira Uburundi muri ico gihugu. Iyo ni impanuro ya Ezéchiel Nibigira, umushikiranganji ajejwe ivy’umuryango wa EAC. Akaba yabishikirije ku munsi wa mbere itariki 30 Nzero, aho yari yagendeye abanyagihugu bo mu ntara za Bururi na Rumonge, ngo yishure ku bibazo vyabo. Akaba yariko yishura ku kibazo c’abasahurwa utwabo muri Tanzaniya bavuye gukora.