Amakuru
14 octobre 2021

Ububiligi bukwiye kwemera uruhara bwagize mw’igandagurwa ry’umuganwa Ludoviko Rwagasore

Umukuru w’umugambwe UPRONA ucuditse n’ubutegetsi asaba leta y’Ububirigi kwemera uruhara ico gihugu gifise mw’igandagurwa ry’incungu yo kwikurira Ludoviko Rwagasore. Olivier Nkurunziza, arongoye UPRONA, akaba abivuze mu gihe imyaka 60 iheze hagandaguwe Ludoviko Rwagasore. Umukuru w’uwo mugambwe arasaba leta y’Uburundi gukora uko ishoboye igahana umwe wese yagize uruhara muri iryo gandagurwa.